Déo HAKIZIMANA?

Ma photo
Photo prise par M. Lucien Fortunati, la "Tribune de Genève"
Déo Hakizimana, né à Kiganda, Burundi, en 1954. Fils de Gahungu, un paysan laborieux qui m'a donné le goût de la liberté et la force de ne toujours compter que sur soi-même, ("Le Monde", 10 octobre 1989). Je suis un enseignant devenu journaliste, homme politique, diplomate et spécialiste d'études stratégiques. Je suis le président fondateur du CIRID, Centre Indépendant de Recherches et d'Initiatives pour le Dialogue, www.cirid.ch, une ONG africaine et internationale basée à Genève, en Suisse, bénéficiaire d'un statut consultatif auprès des Nations Unies.

FAQ

FAQ
Plusieurs amis m’ont souvent posé des questions concernant nombre de questions, qui jouent une influence dans les commentaires que font les gens à propos de mon action politique actuelle. La première question a trait au pourquoi d’une candidature indépendante, à la date choisie pour l’annoncer si tardivement. Je reviendrai sur ces interrogations.
L’autre question qui est revenue souvent est liée à mon ancienne appartenance au MSD. Les internautes s’en rendent compte en tapant mon nom sur google.com à la recherche d’infos sur mon sujet. L’on verra que je suis resté discret appliquant une sagesse burundaise qui interdit à un Mushingantahe (un notable qui se reconnait) de répondre à une injure par d’autres injures. J’appliquais aussi l’adage : Iyibize nabi uyima ifu (il est plus sage de ne pas jeter de l’huile sur un feu qui brule) et surtout quand le contexte prête aux provocations délibérées et aux rumeurs malveillantes. Je suis aussi resté silencieux quand, de nouveau délibérément, un mensonge a été répandu durant la dernière semaine de février, associant mon nom aux primaires du MSD que j’ai quitté depuis au moins un an !
Bien sûr, mes proches savent très bien en effet que j’ai pris des distances avec ce parti déjà depuis novembre 2008 et que mon divorce définitif d’avec lui se réfèrent à des raisons très très graves (je dis bien graves au propre comme au figuré).
Les analystes avisés comprennent quand ils lisent ma lettre en kirundi adressée le 24 mars 2009 au Bureau politique MSD. Cette lettre parle toute seule. (lisez-là en cliquant ici). Un autre document en français existe, qui peut être mis à disposition à la simple demande en envoyant un message sur : info.deohakizimana@gmail.com









































































Déo Hakizimana. BP 5444 Bujumbura. Tél. 79 371 914 - Email : d.hakizimana@cirid.ch

Ibaruwa ryandikiwe « Bureau Politique » y’Umugambwe MSD

Bujumbura, 24 Ntwarante 2009

Bagenzi,
Ndi n’iteka ry’ukubandikira iri baruwa kugira ngo muze mwumva irimva mu gahogo inyuma y’agacerere nari mazemwo amezi arenga atandatu.
Kukaba nkako, mu kurindira inyishu y’ikete nandikiye umukuru w’Umugambwe ejo bundi kw’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma, iryo naryo rikaba ryakurikiye iryo nigeze kwandika muri gitugutu guheze, ndakwiye kumenyesha abanywanyi babishashaye ico niyumvira ku bijanye n’ubuzima bwa MSD.
Birakwiye ko nova mur’aka gacerere, cane cane nerekane ingene mbona ingorane zashitse nongere ndabamenyeshe aho mpagaze mur’iki kiringo. Nshaka ko ivyo bituma insaku zigayitse hamwe n’ibinyoma vyambaye ubusa nari maze imisi myinshi numva bimvira mu nzira.
Kugira ngo intumbero mfise ishike, sinja kuvugira mivumbi ku muvumba. Kandi ntawe ngomba gutoteza. Ndipfuza kwubaka, biciye mu ngingo n’ishaka ry’uguhuza abasangiye akabisi n’agahiye n’abo bandi bose banyotewe ukuri. Nipfuza ko icuka kibi cashitse kiva mu nzira, ivyabaye bikabera ivyigwa ntarengwa kur’uwo wese ashashaye ineza y’igihugu biciye mu bikorwa vy’imigambwe yemewe n’amategeko.

Bavukanyi,

Tubwirane ukuri. Ntawohakana yuko hariho ingorane zshikiye Bureau politique ya MSD. Izo ngorane zavuye cane cane ku gukingira ikibaba abitwaje ibinyoma, bakorera mu turwi tw’utudumbidumbi tutazwi n’amategeko MSD igenderako, bigatuma bagaya inzego zashinzwe n’ikoraniro kaminuza rya mbere.
Izo ngorane zajanye kandi n’ukwinubana. Zijanye n’agatimatare k’ugucanamwo nka kumwe umengo ntitwabonye igituma imigambwe myinshi yo mur’iki gihugu yagiye irasambuka ; bamwe babeshera ivv’abahutu n’abatutsi ngo ni vyo vyateye ingorane : abo ni nka bamwe babuze ijunja n’ijambo aho baherereye bagaca biha imisozi bakwiza igihuha kigayitse bavuga ngo Déo ariko adandaza ubuhutu bwiwe.
Narabitohoje nsanga umwe mur’abo abigira kugira ngo ahishe ingendo mbi namye nanka, ziva n’uburyarya be n’isesagurwa ry’itunga ry’umuhari hamwe n’ukurengera inzego.
Ntihagire uwihenda yibaza ngo maze iki gihe ncereje kubera ntoba ntari mfise ico mvuga. Ndasavye ntihagire uwigira sindabibazwa mu guca iruhande rw’amananiza yanshikiye mu mabanga njejwe kuva mu kwezi kw’icumi guheze. Navuze make kubera imvo zibiri : a) n’uko hariho ivyo ntumva, kandi n’ubu bimwe bimwe sindabitegera ; b) n’uko kandi nzi ko kwicisha bugufi bifise akamaro, kanatsinda, “iyibize nabi uyima ifu”. Iyo ngira nk’uko ishavu rijanye, ndabamenyesheje ko ivyari kwononekara vyari kubatangaza.
Ubu rero harageze ko nshikiriza ijambo nkoramutima mfise. Ivyo gufyina vyaheze, kandi abacira inkonda bantryoza kugira ngo bahishe ububegito bagize muri politike yo mu misi iheze n’akazi kabo. Abarundi ni bo bayamaze bo bavuze ngo aho wabukaranga nari munsi y’urujo.
Ntihagire uwundengera akarimbi mu kumvugisha ivyo ntavuze. Ntihagire uwubandanya amfata nk’igikinisho mur’uru rugamba maze mwo imyaka iraho kugera n’aho mera imvi.

Kandi, naho mvuze gutryo,
Ndemera ko uwo tudahuza ivyiyumviro ashobora kugira ico abivugako mu gihe yobivugana urupfasoni.
Niwashobora kumpinyuza muvyo nshikiriza, uramenera inda ku rukumu.
Ariko mu gihe wokwitwaza ibinyoma bisa n’ivyavugiwe mu manama amw’amwe mu ntara zimwe zimwe nka Muramvya, aho bamwe bamwe bihaye gukwiza hirya no hino kugira ngo bacafuze izina ryanje, ubu nafashe ingingo y’ukwiyubahiriza. Uwubifata minenerwe biramusha.
Ntawe tuzopfa ubusa. Ntawe nzohora ubwoko canke intara canke idini aturukamwo. Niwashobora kwerekana ko hari ivyo nononye ndabizi, nzokwishura ko nd’umuntu ; nzokubwira ko nd’umukristu. Nzovyemanga, gushikaho nsaba imbabazi mbonye ko ibivugwa bifise ifatiro.
Ndasavye rero muntege yompi, ndababarire uko mbona ibintu vyashitse muri MSD, n’ingaruka zakurikiye. Ndabigira kw’izina ry’amabanga makuru makuru Ikoraniro kaminuza ryo ku wa 8 Kigarama 2007 ryanshikirije, aho MSD yavuka, bene umurango bakoranye. (Uwufise impari n’asome icegeranyo cavuye mur’iyo nama, ari co kandi carungikiwe abakuru babijejwe.)

Ingene ingorane zatanguye

Ubwa mbere, ndemeza ko ivyashitse bitari bike biva ku kugene dutwawe mur’iki gihugu. Ntawohakana kandi ko icatumye tubura uburenganzira bwo gukora ku mugaragaro nk’uko abandi babigira vyabaye intambamyi ikomeye. Vyatumye ingorane zimwe zimwe zironka inkomezi zitari kugira. Hari n’utunenge twagiye turibonekeza kubera iterabwoba ryatwugarije.
Ubwa kabiri, haciye hongera ko ivyo nise kwinubana n’ugukumirana, bivuye ku gihababu c’ukwigungira ko uburyo twese twari gusabikanya mur’ubu bukene. Namwe murazi ko « abasangiye ubusa bitana ibisambo ». N’ubu, amatwi ansumira, iryo sibe rirabandanya mu ntara zimwe zimwe kubera hariho ba nkunzi bafashwe neza, n’abandi ataco baronka. Nsubiriye kubab wira ko intara ya Muramvya nturuka mwo yafashwe minenerwe kandi wovuga ko vyagizwe ibigirankana. Uwitwa Charles ni we akwiye kubisigura kuko ni we yica agakiza.
Muzokwumva hamwe hamwe abanywanyi bacanamwo, kugera n’aho bahakwa kuhana ingumu, nk’uko vyashitse mu Kinama ca Bujumbura, ari vyo kandi vyateye uruhagarara rwo ku wa 3 Munyonyo.
Uwobidonda ido n’ido yosanga ntarira busema. Kugira ngo ntihagire ngo turiko dukwiza insaku, ni vyaba nkenerwa, abanywanyi ba MSD barazosaba inama kaminuza, ibere ku mugaragaro, baheze babaze ivyabaye, bazoca bashirwa. Umw mu bo bizobazwa, ni cane cane uwo mvuze Charles agendana ubutegetsi budasanzwe, nka kumwe MSD yoba yarabaye itongo rya se.
Ubwa katatu, Muri MSD, hariho abihaye kurengera inzego be n’ukugaya abo basangiye amabanga. Akarorero kazwi cane, n’ivyabaye mu kwezi kw’icumi gushira ukw’icumi na rimwe kwa mwakuyu, aho François Nyamoya yubahutse gushira ibikumu akarenga 3 ku matangazo nkoramutima yasomwe ku maradiyo n’ahandi atabanje kubicisha ku Munyamabanga Mukuru w’Umuhari, igihe Prezida w’Umugambwe yari i Buraya.
Aho simvuze ko namaze amezi umurengrera nsaba ngo ampe dossier ijanye n’ivyo nari ko ndakora kugira ngo dusabe abategetsi b’iki Gihugu batwemererere gukora ku mugaragaro aranka.
Nk’uko ndabivuze, uwo mugabo yarihaye ububasha bwa Secrétraire general, akabigira azi ko kizira, akabigira n’ibigirankana. Yabikorana agusuzuguro katagira uko kitwa nka kumwe umengo nta gateka nari nkwiye muri MSD. Vyarashitse n’aho agaya amanama yose yategekenijwe kugira ngo ico kibazo tucicarire.
Iyo ngendo yarateje urubwa inzego z’umugambwe. Hariho abihweza ibintu n’ibindi bibaza ko yabigira kugirango anshushe umutwe.
Narabibonye nca nsuka mwo mabisi, ndabigira nk’uwutabibona. Agacerere kanje kavuye ngaho.
Aho hari mu gihe hari igihuha kinini cari kimaze amezi menshi, kivuga ngo hoba hari bamwe bamwe muri MSD bagomba kugira bagenzi babo ibikoresho bisa n’umucungwe uheza kununuza hanyuma ugaca uta. Sinzi ko mwibuka ivy’umunyepolitike umwe yavuze igihe ijambo « imperekeza » ryabica bigacika mu barwanira ubutegetsi hano i Bujumbura. Uvyihweje, ukabica irya n’ino, ivyanshikiye bisa n’ivyo.
Ubwa kane, menya ko ico gihuha cabiciye bigacika cane cane igihe wa mugabo Nkunda yagomba kwifatira intara ya Kivu aho hakurya muri Kongo. Ni co gihe akagwi karimwo bamwe mubo twari dusangiye akabisi n’agahiye bubahuka kuza kumbarira ngo singifise ico ntegeka muri MSD, ngo ntaco nakoze igihe Kizigenza wa MSD yatabwa muri yompi, barubahuka baribagira ko n’abaje gukoma induru barungitswe n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera hano i Bujumbura babisabwe na jewe. Ni bo bahaserutse imbere ya bose. Uwufise impari arabaza ingene abahinga bo muri BINUB bashitse harya muri Kinanira 3, kuri Permanence ya MSD, hadaheze n’iminuta mirongo ibiri inyuma yaho nsemerereye nkoresheje itelephone kuva aho nari ndi i Gitega.
Ubwa gatanu, kubera uwugutuka atagutorera, barubahutse guca iruhande ingorane zari zimaze ukwezi kurenga zugarije inzego za MSD. Muti izo ngorane n’izihe ? Reka mvuge iyisumba zose : n’uko bamwe bamwe mu bo twari dusangiye urugamba rwa misi yose bari bamaze imisi umurengera ndabatumira mu manama bakanka kuzizamwo.
Uvyihweje, wovuga ko hariho abakora ivyo batumva, bashobora kuba bagizwe « imperekeza » , ariko hariho n’abandi babigirana akagaye n’uburyarya butakiri agaseseshwa-rumuri.
Vyaraboneka neza ko bafise ivyo bahisha, hanyuma babonye bigoye, bagashaka ko nza gukingira ikibaba amakosa bakora mu ma « dossiers » ntigeze menya.
Vyaramenye umutwe, birananiza bimwe birenze urugero, ndabura ayo ncira n’ayo mira. Niho naca mbona ko nkwiye kubirabira kure.
Ni co gituma mumpera z’ukwezi kwa 11, mbonye ko umengo abatovyi ni bo bumvirwa, naciye mfata ingingo y’ukuruhurira umutwe, nca nja kwiramukirizia umuryango wari umaze amezi n’ayandi utambona.
Ivyo rero vyaramfashije. Kandi narashoboye kurengera ivyashitse vyose ndabandanya mfasha uko nshobora, n’aho hariho ababandanya bakokeza.
Murasoma ivyo ikinyamakuru Iwacu canditse muri Kigarama guheze, mwongere murabe n’inyishu natanze mu misi yakurikiye. Muca mubona ko MSD yinjiranywe n’abatovyi bakokeza bibereye kure.

Inkurikizi z’ibinyoma vyavuzwe n’ingingo zirashe zikwiye gukurikizwa.

Imbere yuko nduga kw’ijambo ndashima gusubira kugabisha uwo wese ahava yishimikiza ibi mpejeje gushikiriza kugira ngo atyoze MSD.
Nameneye inda ku rutoki kugirango ikinyoma gitangure kuja ahabona, abanywanyi ba MSD babimenye, baheze bafate ingingo zikenewe.
Sindabivuze kugirango nturire, canke nonone, nagomvye kuzitira ntihagire izindi nsaku zigayitse zibandanya zicafuza ukuri. Kuko ubiravye, Uburundi bwamye butabwa mu manga n’abaguma bubakira ku gipfungu nk’ico.
Nico gituma muzobona hari abicanyi ruhebwa baguma biyita intungane kubera ikinyoma cugarije imitima. Ni naco kibuza abanyamigambwe batari bake b’ubu batizerwa n’igihugu.
Ndasavye MSD itange akarorero kofasha gusezerera iyo ngendo igayitse. Kukaba nk’ako, kurwanira ukuri n’ijambo rirama, bisaba ko iyo ngendo yohera kur’uwo wese ashaka kuba imboneza. Nipfuza ko vyohera mu bisata vyose biserukira umugambwe, utanguriye kubari muri Bureau politique.
Uretse rero inyandiko zindi (nk’amakete maze gushikiriza canke ivyavugiwe mu binyamakuru be no mu nama anyuranye), iki ni co ca mbere cerekana ko nama nsemerera nkabura abanyumvira.
Uru rwandiko muriko murasoma, nashatse ko ruba ikimenyetso c’ukwiyamiriza urusaku rusambura. Ruzotuma n’uwudatahura abandanya abaza afise aho ahera. Nivyo mperutse kubarira abanya Bubanza bamwe bamwe bigeze kumara imisi banterefona isaki saki, nka bamwe batumwe guperereza. N’uwari yabatumye naramumenye, ari muri ka karwi kagendera kuri vya bihuha navuze.
Nubu rero ndasubiriye gusemerera : Nsaba ko aka kamo ko kwakirwa.
Hasigaye rero ko turabira hamwe inkurikizi z’ibinyoma vyavuzwe n’ingene dushobora kwogorora.
Inkurikizi mvuga ni cane cane izituma abanywanyi bahora basangira ijambo bataba bagisubira kwizerana. Iyo umwizero watitutse haca havuka ayandi mananiza, atesha agaciro abo vyega. Ivyo navyo biratubangamiye, kandi uwuza kwigira sindabibazwa azoba yihaye amenyo yabatwenzi, kuko « ikinyoma kimara umusi nti kimara umwaka ».

Ingendo ikwiye gukurikizwa

Ko atawuhisha umwotsi inzu iriko irasha, hakwiye kugirwa iki ?
Ivyononye vyose bikwiye kuja ahabona. Bikwiye guca mu nzego zihari kandi zizwi.
Ahanje, ndamenyesheje abanyumva bose, izuba ryaka, ko ntashobora kubandanya nemera gukorera mu vyo namye nita igipfungu. Ntihagire umuntu afise ubwenge yibaza ko ashobora kungira ikiraro c’ukujabukirako mu gutoteza agateka k’Uburundi. Ntibishoboka kuko sinzovyemera.
Nsavye ko uwufise ico anyagiriza yoseruka aje ahabona, tuhangane. K’ubwanje, urugamba rw’ukwubahiriza ukuri ku binyerekeye rutanguranye n’iri baruwa, mu kurindira inyishu y’amabaruwa nanditse.
Ndemeza ko abashingantahe n’imvugakuri ari benshi. Ndemeza kandi ko bose bashaka kwogorora. Ndemeza ko n’abakoze amakosa bashobora kuyakosora bisuzumye bo nyene canke bayabariwe.
Ndemeza cane cane ko iki gihe tugeze mwo ari ciza kugira ngo amakosa yakozwe tuyasezere.
Mpejeje ndabifuriza kuroranirwa.

Déo Hakizimana

Membres